Uko wahagera

Ikete Ritezwemwo Bombe Ryaturitse mu Biro vya FMI i Paris


Umuyobozi mukuru w''ikigega mpuzamakungu, Christine Lagarde
Umuyobozi mukuru w''ikigega mpuzamakungu, Christine Lagarde

Umuntu umwe yakomeretse uyu musi ku wa kane, igihe ikete ryatekemwo bombe, ryaturika ku biro vy’ikigega mpuzamakungu FMI, I Paris mu gihugu c’Ubufaransa.

Nta bintu vyinshi vyahononekariye, kandi abapolisi baciye bihuta mu gukura abakozi mur’iyo nyubakwa, baca baracungera umutekano w’iyo nyubakwa hamwe n’imicungararo yayo.

Umuyobozi w’ikigega mpuzamakungu FMI, Christine Lagarde yavuze kw’ico gitero cakozwe n’imburakimazi zijijukiye ubwicanyi.

Ico gitero kibaye, umusi umwe inyuma y‘aho ku bushikiranganji bw’igihugu c’Ubudagi bujejwe ubutunzi, haturikiye ikintu cari carungitswe muri posita.

Gushika ubu, ntibiramenyekana niba hari ikintu ivyo bitero bibiri bisangiye.

Igihugu c’Ubufaransa kimaze imyaka ibiri carafashe ingingo zo mu bihe bigoye igihugu, inyuma y’aho giterewe incuro zitari nke n’umurwi w’intagondwa z’Abayislamu ukora ibitero vy’iterabwoba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG