Uko wahagera

Ubuholande: Mark Rutte Ashobora Gutsinda Amatora


Abanywanyi b'umugambwe uharanira ubwigenge na demokrasi, aho bakurikirana amatora uburyo ariko aragenda.
Abanywanyi b'umugambwe uharanira ubwigenge na demokrasi, aho bakurikirana amatora uburyo ariko aragenda.

Mu matora y’abashingamateka yaraye abaye mu gihugu c’Ubuholande bivugwa ko ibiharuro gushik’ubu vyerekana ko Mark Rutte, yahoze ar'umushikiranganji wa mbere, ashobora kuba yatsinze, k’urugezo rutari gwitezwe, uwo bahiganwa Geert Wilders, asanzwe aterekwa abimukira hamwe n’abayoboke b’idini rya isilamu. Kugez’ubu umugambwe Rutte aturukamwo ufise amajwi mirongo itatu na rimwe, ukab’uza imbere y’iyindi migambwe yose harimwo n’uwa Wilders.

Imyiyamamazo ya Wilders yabaye icigwa ku bijanye n’ibihe ibihugu vya Buraya biriko biracamwo, inyuma y’aho Ubwongereza buvavanuriye n’ishirahamwe rya Buraya. Intsinzi ya Wilders ikaba yasa n’iyizobangamira imigenderanire hagati y’ibihugu vya Buraya. Ni mu gihe yari yasezeraniye kuzobuza abimukira baturuka mw’idini ry’aba isilamu gusubira kwinjira m’Ubuholande, kwugaza imisigiti, guhagarika igurishwa ry’igitabo c’ikorowani hamwe no kuva mw’Ishirahamwe rya Buraya.

Bivugwa ko umugambwe wose uzotsindira intebe nyishi uzotegerezwa gukorana n’iyindi migambwe kugira ishobora gushinga Reta nshasha. Yamara imigambwe ikomakomeye yose ikaba imaze kumenyesha ko itazokorana na Geert Wilders.

Amatora yo m’Ubuholande azokurikirwa n’ay’Umukuru w’Igihugu mushasha m’Ubufaransa, mu kwezi kuza kwa kane, hamwe n’Ubudagi mu kwezi kw’icenda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG