Uko wahagera

Misiri: Hosni Mubarak Yoba Agiye Kwidegemvya


Hosni Mubarak yahoze ar'umukuru w'Igihugu ca Misiri
Hosni Mubarak yahoze ar'umukuru w'Igihugu ca Misiri

Ibinyamakuru muri Misiri bitangaza ko umushikirizamanza wo k’umurwa mukuru Cairo yategetse kur’uyu wa mbere ko Hosni Mubarak yahoze atwara ico gihugu arekurwa, inyuma y’imyaka yababa 6 yari mu mvuto.

Iryo tegeko ryashikirijwe inyuma y’ingingo ya sentare yatezuriye uwo mutegetsi yagirijwe kugira uruhara mw’iyicwa ry’abiyamirije intwaro yiwe m’umwaka w’2011, imigumuko arinayo yamukuye k’ubutegetsi yar’amazemwo imyaka ishika 30.

Mubarak gushik’ubu ntashobora kuva muri Misiri mugihe har’ayandi matohoza akimugirwako yagirizwa kurya ruswa. Mubarak yar’amaze imyaka 6 afungiwe mubitaro vya gisirikare I Cairo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG