Uko wahagera

Burundi: Reta Isaba ONU Guhindura Abakozi Bayo


Icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu Gaston Sindimwo asaba umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU guhindura abakozi b'urwo rwego m’U Burundi. Abagiriza ko bari mu batanga amakuru n'ivyegeranyo vy'ibinyoma ku Burundi.

Yabitangarije muri komine Bugendana intara ya Gitega hagati mu gihugu c’u Burundi aho yariko agendera ikambi y’impunzi yo mur’iyo komine.

Gaston Sindimwo yemeza ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU rikorera ku makuru y’ibihuha n’ibinyoma ari naco kimutuma gusaba Antonio Guterres guhindura abakorera ONU mu Burundi.

Leonce Ngendakumana, icegera c'umukuru w'umugambwe FRODEBU avuga ko Leta iriko irimaramaza. Ahanura Leta gukora ibishoboka vyose nyabuna kugira igire imigenderanire myiza n'amashirahamwe mpuzamakungu cane cane ONU.

Umushingantahe Ngendakumana anasanga imvugo ya Leta yo kwagiriza abatavuga rumwe nayo n’amashirahamwe amwe amwe ko aribo babesha ONU yarikwiye guhagarara.

Kuva umugambwe CNDD FDD ushitse ku butegetsi mu mwaka w’I 2005 inyuma y’imyaka irenga 10 war’umaze ar’umuhari urwanira mw’ishamba umaze kwirukana intumwa zidasanzwe za ONU mu Burundi zigera kuri 6.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG