Umugwi wateguye urugendo rw’abakenyezi rwabaye mu kwezi kwambere kw’uyu mwaka 2017 I Washington DC muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, wahamagariye abakenyezi bose kudatonda mubuzi bwabo bwa misi yose, mu ntumbero yo kugaragaza agaciro k’umukenyezi kubijanye n’ubutunzi bw’igihugu.
Ivyo bikorwa vyiswe “Umusi Utarimwo Abakenyezi”, ugamije gufatanywa n’umusi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi kw’isi. Abo bakenyezi bipfuza kwerekana akamaro kabo, bagasaba bagenzi babo kubasaba kuguma mu ngo zabo ntibaje ku mirimo yabo ya misi yose no kutagura ikintu na kimwe uno musi.
Ico gikorwa kibaye kimwe mubikorwa vyambere bihambaye uwo murwi ukoze kuva bagize imyiyerekano mu bisagara bitandukanye vy’Amerika kw’itariki ya 21 z’ukwezi kwa mbere 2017.
Aho ni mugihe batunganije imyiyerekano yari igizwe n’abantu bagera kuma miliyoni bihereje amabarabara mumyiyerekano yo kwiyamiriza ishikirizwa icese mu mabanga y’umukuru w’igihugu prezida Donald Trump kw’itariki ya 20 z’ukwezi kwa mbere.
K’urubuga rwa Twitter yiwe kuri uno musi wa gatatu, prezida Trump yashimye ingingo ya ONU yo guhimbaza uwo musi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi kw’isi. Ntaco Trump yashikirije kuri iyo myiyerekano yateguwe n’uwo mugwi w’abakenyezi.
Facebook Forum