Uko wahagera

Kabul: Leta ya Kiyisilamu Yishe 30 mu Bitaro


Abarwanyi bishe abantu 30 bakomeretsa abandi batari bake mu bitaro by'i Kabul
Abarwanyi bishe abantu 30 bakomeretsa abandi batari bake mu bitaro by'i Kabul

Abarwanyi bari bigize abaganga bagize igitero ku bitaro bikomeye vy’igisirikare ku murwa mukuru w’igihugu ca Afuganistani, Kabul.

Abo barwanyi bishe abantu 30 bakomeretsa abandi batari bake. Ivyo vyatangajwe n’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Afuganistani.

Inteko zijejwe umutekano za Afuganistani zakikuje ico kibanza, zica abagize ico gitero bose.

Ivyabona batangaza kw’ico gitero catanguye igihe umwiyahuzi yaturitsa bombe yari mu modoka ku rwinjiriro rw’ibitaro vy’igisirikare, Sardar Mohammad Daud Khan, hagati ku murwa mukuru, Kabul.

Mu nyuma yaho abarwanyi batari bake bitwaje ibirwanisho bikomeye, n’amagerenade baciye binjira muri iyo nyubakwa.

Barashe abarwayi n’abakozi bo mu bitaro imbere yuko inteko za Reta ya Afuganistani zihangana nabo, zirabica bose. Abanywanyi ba Reta ya Kiyislamu biyitiriye ico gitero.

Perezida wa Afuganistani, Ashraf Ghani, yiyamirije ubwo bwicanyi. Yiyemeje ko azoshira imbere y’intahe abakoze ubwo bubisha.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG