Uko wahagera

EAC: "Bakenyezi Mureme Ntimwihebure"


Abakenyezi Arusha

Umuryango wa Afrika y’ubuseruko uraremesha abakenyezi b’abarundikazi bari mu makambi y’impunzi kuri uyu munsi mpuzamakungu wahariwe abagore. Uwo muryango uvuga ko naho ubuzima barimwo butoroshe ko borema, bagaharanira agateka kabo aho bari, bakizera ko ingorane barimwo bazozivamwo vuba.

Vyashikirijwe inyuma y’urugendo rwatunganijwe n'uwo muryango w'Afrika y’ubuseruko I Arusha mu ntumbero yo guhimbaza uwo munsi.

Abakenyezi bakora mu muryango w’Afrika y’ubuseruko barikumwe n’abandi baba I Arusha bari m’urugendo rwo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe abagore.

Umufasoni Minani Genose ajejwe ukungana kw’ibitsina m’umuryango w'Afrika y’ubuseruko atera intege abarundikazi bari mumakambi y’impuzi ko batokwihebura. Ni mugihe igisata ca ONU citaho impunzi HCR kivuga ko igitigiri c’abakenyezi bahunze barenga 80 kw'ijana.

Madame Jessica Ariyo, umwe muvyegera vy’umunyamabanga mukuru wa EAC yarikumwe n’abandi m’urugendo bagize. Ababazwa n’uko abakenyezi aribo bagira ingorane cane muri iki gihe. Mugihe bimwe mu bihugu vya Afrika y’ubuseruko birimwo ingorane z’umutekano hamwe n’inzara.

Umuryango w’Afrika y’ubuseruko uvuga ko uruhara rw’abakenyezi ari ntangere mw’iterambere ry’ingo n’imiryango mbere no mukazi ka minsi yose. Gusa uvuga ko ugifise abakenyezi bake bari mu bibanza bifata ingingo kuko igitigiri cabo kidashika na 20%.

Iyi nkuru tuyikesha mugenzi wacu Pierre Claver Niyonkuru, I Arusha, kubw’Ijwi ry’Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG