Uko wahagera

USA: Itegeko Rishasha Kubimukira Ntirizoraba Iraki


Perezida w'Amerika Donald Trump
Perezida w'Amerika Donald Trump

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump vyitezwe ko asinya irindi tegeko rishasha kubimukira n’abagira ingendo muri Amerika kur’uyu wa mbere inyuma y’aho irya mbere ryankiwe gushigikirwa na sentare nkuru.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika Associated Press ritangaza ko mur’iri tegeko rishasha igihugu ca Iraki cakuwe m’urutonde rw’ibihugu indwi bigwiriyemwo abayisilamu vyarabwa n’iryambere. Ibiri mur’iri tegeko rishasha ntibiramenyekana.

Kw’italiki 27 z’ukwezi kwa mbere 2017 ariho Perezida Trump yasinya itegeko ribuza guha ubuhungiro abanyagihugu bamuka mu bihugu vya Iraki, Irani, Libiya, Somaliya, Sudani, Siriya na Yemeni. Itegeko bamwe bavuga ko rivangura abantu ryisunze amadini kandi ryateye akajagari mu bibuga vy’indege bitari bike vyo muri Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG