Uko wahagera

RDC: Ne Muanda Yagararije Ubutegetsi Yafashwe


Ne Mwanda Nsemi, umurongozi w'idini rihengamiye muvya politike, Bundu dia Kongo, muri Republika Iharanira Kongo
Ne Mwanda Nsemi, umurongozi w'idini rihengamiye muvya politike, Bundu dia Kongo, muri Republika Iharanira Kongo

Kur’uyu wa gatanu, intureka zadutse k’umugwa mukuru wa Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo, I Kinshasa, ku nyubakwa y’umwe mu barongozi ba politike, aho abapolisi bariko baragerageza gufata abari mur’iyo nyubakwa. Ne Muanda Nsemi asanzwe ar’umushingamateka, be n’umutambukanyi wiwe bahavuye basohoka kwishikana imbere y’abapolisi.

Haraheze indwi zibiri abapolisi bagerageza kwinjira mur’iyo nyubakwa mu ntumbero yo kuyisaka, yamara abanyagihugu bari muriyo, bagizwe n’abagabo abagore n’abana bari bararahiye bararengwa kw’ata mupolisi ahinjira. Iyo nyubakwa isanzwe irangurigwamwo imigigwa y’idini ryitwa Bundu dia Kongo. Ne Muanda Nsemi, asanzwe ar’umunywanyi w’iryo dini, aregwa ko yakokeje abanyagihugu, aciye ku mbuga ngurukanabumenyi, kugarariza ubutegetsi bwa Prezida Joseph Kabila.

Abanyagihugu baba mu micungararo yo m’uburaruko bushira ubuseruko bwa Kinshasa, bavuga ko abapolisi barashe akatari gake kur’iyo nyubakwa. Colonel Mwanamputu, yararongoye abapolisi mur’ico gikorwa yabwiye abamenyeshamakuru ko n’ubwo hari uguhangana, ico gikorwa kibandanya gushika binjiye mur’iyo nzu. Akavuga ko gishobora guhera k’umugoroba wo kur’uyu wa gatandatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG