Uko wahagera

Zimbabwe: Impari mu Nzego z'Ubutungane


Muri Zimbabwe, igenwa ry’umucamanza mukuru muri Sentare nkuru y’Igihugu, ryaranzwe n’impari zitari nke mu nzego zijejwe ubutungane. Ivyo vyatangajwe n’uwahahora, Godfrey Chidkyausiku, mu gihe yari mu birori vyo kumusezera, kur’uyu wa gatatu. Chidkyausiku amenyesha ko ivyo bitari bikwiye gutera impari kuko ngo kubwiwe nta ngorane ziriho, akavuga ko inyuma y’iminsi mike, ibintu bizoba vyagiye m’uburyo.

Chidkyausiku yasubirijwe bivuye ko amategeko avuga ko umucamanza mukuru atanga imihoho mu gihe ashikanye imyaka mirongo indwi y’amavuko, nawe akaba yayishikanye mu kwezi kwa kabiri. Mwomenya ko izo mpari zaturutse k’umukandida yashikirijwe, Romeo Zibani, atari k’urutonde rw’abakandida batatu bahawe Prezida Robert Mugabe ngo abe aribo atoramwo. Zibani ahobwa ko akir’umunyeshure muvy’amategeko, kandi ko ata burambe afise muvya politike.

Kuva mu mwaka w’ibihumbi bibiri na cumi na gatatu, itegeko ryaraha uburenganzira Umukuru w’Igihugu bwo kwitorera uwufata ikibanza c’umucamanza mukuru. Mur’uyu mwaka abanyagihugu muri Zimbabwe baheruka gutora ku bwinshi ibwirizwa shingiro rishasha, ririmwo n’uburyo bushasha bwo gushiraho umucamanza mukuru.

Icegera c’Umukuru w’Igihugu, Emerson Mnangagwa, yarasavye ko iryo bwirizwa shingiro ryosubirwamwo. Prezida Mugabe ntaco arashikiriza ku bijanye n’uwo mucamanza mukuru mushasha.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG