Uko wahagera

USA: Ben Carson na Rick Perry Bemejwe Kuba Abashikiranganji


Rick Perry, ibubamfu, na Ben Carson iburyo
Rick Perry, ibubamfu, na Ben Carson iburyo

Ben Carson na Rick Perry, bigeze guhiganirwa kuba perezida muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika bemejwe n’inama nkenguzametaka ya Amerika kugira baje muri Reta ya Perezida Donald Trump.

Ben Carson, muri iki gihe fise imyaka 65, n’umuganga yanonosoye ivy’ukubaga mu mutwe yafashe akaruhuko ko mu zabukuru azoba umushikiranganji ajejwe uburaro n’iterambere mu bisagara. Yemejwe n’amajwi 58 kuri 41. Niwe munyamerika w’umwirabure wenyene ari muri Reta ya Perezida Trump.

Rick Perry, yigeze gutangaza kw’azofuta ubushikiranganji bujejwe amasoko ntanganguvu, yemejwe n’amajwi 62 kuri 37 kugira ayobore ubwo bushikiranganji.
Rick Perry, yahoze ari bulamatari wa Reta ya Texas.

Ben Carson, atari bwigere arangura amabanga ya Reta, azoyobora ubushikiranganaji bukoresha abakozi ibihumbi umunani n’amajana atatu n’amafaranga imiliyaridi mirongo ine n’indwi y’amadolari.

Carson na Perry, babaye aba 17 na 18 bemejwe n’inama nkenguzamateka muri Reta ya Perezida Trump igizwe n’abashskiranganji 22.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG