Uko wahagera

USA: Abashingamateka Bavuga Ibitandukanye kw'Ijambo rya Trump


Abashingamateka ba Reta zunze ubumwe z’Amerika, abo m’umugambwe w’abademokrate n’abarepublikani bashikirije ivyiyumviro bitandukanye kw’ijambo ryashikirijwe na perezida Donald Trump ejo kuwa kabiri.

Bamwe babona ko Trump afise imbono nziza kuri Amerika kandi ko azoshira inyungu z’Amerika imbere y’ibindi vyose. Abandi babona ko atashikirije ivyo yemereye abanyagihugu kandi ko ata migambi irashe afise yo gushira mungiro intumbero ziwe.

Abagize kongres y’Amerika bashoboye kuganira n’ijwi ry’Amerika inyuma y’ijambo rya Donald Trump ntibavuga rumwe ko vy’ukuri Trump yipfuza kwiyegereza abademokrate basanzwe badacana uwaka. Abasenateri b’abademokrate batari bake barashikirije amakenga bafise, ariko kandi bavuga ko bipfuza gukora kugira bashike k’umwumvikano.

Kimwe muvyo bashikiriza ko bashobora gukorera hamwe n’umugambi yashikirije wo gusanura amabarabara, ibitarurwa n’izindi nyubakwa zishaje.
Umudemokrate Joaquin Castro wo muri reta ya Texas atangaza ko ashimishwa kandi azoshigikira iciyumviro Trump yashikirije nko gukomeza igisirikare, guhemba abagore bavyaye no kwitaho abana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG