Uko wahagera

Kameruni: Abanyagihugu Basabwa Kutihanira


Muri Kameruni, abajejwe ubutungane basaba abanyagihugu kwubahiriza amategeko bakareka ingendo imaze iminsi yo kwihanira. N’inyuma y’aho abanyagihugu amajana bakubitiye abagabo babiri mu gisagara ca Mokolo, kiri k’umugwa mukuru wa Kameruni, I Yawunde.

Jackson Ngnie Kamga, arongoye urwego rw’abashikirizamanza muri Kameruni amenyesha ko ar’ukurengera inzego za Reta, bivuye ko abanyagihugu batacizeye ubutungane.

Mw’ijambo yashikirije mu ndwi iheze, umucamanza mukuru muri Sentare nkuru y’igihugu, Daniel Mekobe Sone, yatangaje ko hari ibibazo bibiri bijanye n’uko igiturire catse indaro m’ubutungane hamwe n’igihe kirekire imanza zifata kugira zicibwe. Mekobe Sone avuga ko iyo ngendo isubiz’inyuma igihugu, agasaba abanyagihugu kwemera bagakorana n’ubutungane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG