Uko wahagera

USA: Abajenerali Bemeza ko Imfashanyo Yunganira Umutekano


Perezida Donald Trump arahira tariki 27 y'ukwezi kwa mbere 2017
Perezida Donald Trump arahira tariki 27 y'ukwezi kwa mbere 2017

Abahoze ari abasirikare bakomeye mu ntwazangabo za Reta Zunze Ubumwe za Amerika, bafashe akaruhuko ko mu zabukuru barenga ijana na mirongo ibiri, bariko basaba inama nshingamateka n’inama nkenguzamateka kutagabanya amafranga akoreshwa ku bijanye n’imigenderanire n’imfashanyo itangwa mu makungu.

Ivyo n’ibisata Perezida Trump, ashobora kurondera kugabanyamwo amafranga mu mugambi wiwe wa mbere ujanye n’amafaranga Reta izokoresha.

Igihe aza agushikiriza uwo mugambi imbere y’inama nshingamateka n’inama nkenguzameteka zikoranye, vyitezwe ko asaba iyongerezwa ry’amafaranga azokoreshwa n’igisirikare mu gihe azogabanya amafaranga akoreshwa mu bindi bisata, cane cane mu bushikiranganji bujejwe imigenderanzire no mu rwego rwa Reta rujejwe ibidukikije.

Mw’ikete barungikiye abayobozi bo mu mugambwe w’Abarepublika n’Abademokarate mu nama nshingamateka n’inama nkenguzamateka, ku musi wa mbere, abo bahoze ari abategetsi bakomeye mu ntwazangabo za Reta Zunze Ubumwe za Amerika bafashe akaruhuko ko mu za bukuru, batangaje ko gukomeza ibijanye n’imigenderanire n’iterambere co kimwe n’ibijanye n’ukwivuna abansi bikenewe cane kugira vyubahirize umutekano w’abanyamerika.

Bamenyesheje ko vyinshi mu bibazo Amerika ifise bidashobora gutorerwa inyishu hakoreshejwe uburyo bwa gisirikare bwonyene.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG