Uko wahagera

Abashikiranganji 3 Birukanywe Muri Gineya


Alpha Condé, Perezida wa Gineya
Alpha Condé, Perezida wa Gineya

Perezida w’igihugu ca Guinee, Alpha Conde, yirukanye abashikiranganji batatu, mu mabanga yabo, harimwo umushikiranganji ajejwe indero.

Perezida Conde yafashe iyo ngingo inyuma y’ukugarariza akazi kw’abigisha kwamaze igihe n’imyiyerekanao yabayemwo ubwicanyi.

Ukugarariza akazi kwamaze indwi zitatu kwatumye haba ugutana mu mitwe kwahitanye abantu indwi ku murwa amukuru, Conakry, bituma amashule yugarwa.

Perezida Conde, yishuye mu gufata ingingo ku musi wa mbere y’ukwirukana abashikiranganji batatu, uwujejwe amashule yisumbuye, akazi ka Reta n’ibidukikije.

Imyiyerekano yabaye muri uku kwezi kwa kabiri yagizwe ahanini n’abakiri bato n’abanyeshule bari bashigikiye ukugarariza akazi kw’abigisha basaba uburyo bwiza kurushiriza bw’ugukoreramwo.

Amashule yarasubiye kwugurura inyuma yuko abaserukira abigisha bumvikanye na Reta kw’italiki 20 z’ukwezi kwa kabiri. Yamara bamwe mu bigisha bamenyesheje kw’ayo masezerano atubahirije ivyo basavye vyose. Imyiyerekano yamaze imisi ibiri yabayemwo ubwicanyi yarakwirikiye

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG