Uko wahagera

Farrah Yagirizwa Kunywa Imiti Yongereza Inguvu


Umunonotsi Mo Farrah

Umunonotsi w’umunyasomaliya yigeze gutahukana imidarii y’inzahabu mu kwiruka munkino za Olempike azwi kw’izina rya Mo Farah yatangaje kur’uyu w’Imana ko ar’umwere inyuma y’aho hari raporo yasohotse ivuga ko umumenyereza wiwe yamuha imiti yo kumwongera inguvu.

Farah yatsindiye imidari y’inzahabu ku metero ibihumbi 5,000 n’ibihumbi 10,000 mu mahiganwa abiri ya olempike ahitiye. Ikinyamakuru co m’Ubwongereza Sunday Times catangaje ko caronse amakuru cahawe n’ibiro vy’abanyamerika bijejwe gucungera inyifato y’abanonotsi ko umumenyereza wiwe yamuha imiti cokimwe n’abandi yamenyereza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG