Uko wahagera

Siriya: Ibitero Birabandanya


Ahabereye ibitero muri Siriya
Ahabereye ibitero muri Siriya

Mu gisagara ca Homs, kiri m’Uburengero bwa Siriya, habaye ibitero bibiri kur’uyu wa gatandatu. Ivyo bitero vyahitanye abantu bashika ku mirongo ine na babiri bapfuye, harimwo n’umutegetsi mukuru yakorera mu biro bijejwe iperereza. Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu aho muri Siriya ryemeza ko har’abagwanyi benshi biturikijeko ibisasu, hafi y’ibiro bikuru bikoreramwo abajejwe umutekano n’iperereza.

Umugwi usanzwe ukorana n’umuhari al-Qaida watangaje ko ariwo wakoze ivyo bitero. Igisagara ca Homs kimaze imyaka hafi itatu gicunzwe n’abasirikare ba Reta. Bashar al-Ja-afari, asanzwe ari mu biganiro k’uruhande rwa Reta yabwiye abamenyeshamakuru ko yibaza kw’ivyo bitero arivyo guhungabanya ibiganiro vy’amahoro biriko bibera i geneve, m’Ubuswise.

Kur’uyu wa gatandatu, Ja-afari yabonanye n’intumwa idasanzwe ya ONU muri Siriya, Stephan De Mistura. Imbere y’uko uwo mubonano utangura, De Mistura yabwiye abamenyeshamakuru ko yizeye ko ivyo bitero bitazohagarika ibiganiro. Inyuma y’uwo mubonano, Ja-afari yatangaje ko abari mu biganiro, basanzwe batavuga rumwe n’ubutegetsi bategerezwa kwiyamiriza ivyo bitero. Nayo ko bitabay’uko biza kugaragara ko iyo migwi ifatikanije n’abo biyahuzi.

K’umunsi wa gatanu, hari ibindi bitero bibiri vyari vyabaye mu gisagara ca al-Bab, m’uburaruko bwa Siriya, bihitana abantu bashika kuri mirongo itandatu na batanu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG