Uko wahagera

RDC: Reta Yemeye Gutohoza Ubwicanyi


Reta ya Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo, yaratanguje itohoza ku bishobora kuba ari amabi yakozwe n’inteko zijejwe umutekano mu ntara ya Kasai.

Intambara yariyongeye muri ico gice c’igihugu mu kiringo c’amezi atandatu arangiye. Yamara amasanamu ya videwo yashizwe ku kibanza abantu bahanahanirako amakuru, mu ndwi iheze yatumye amakungu abikwirikiranira hafi.

Ayo masanamu asa n’ayerekana inteko za Reta ya Kongo ziriko zirasa abagabo n’abapfasoni ata birwanisho bitwaje babonwako bakorana n’abarwanyi bazwi kw’izina rya Kamwina Nsapu.

Mu nyuma yaho ayo masanamu ya videwo yerekanye abasirikare ba reta bariko barasa abantu bakomeretse canke baza bapfuye. Ayandi masanamu atari make ya videwo yarahererekanijwe ku kibanza abantu bahanahanirako amakuru.

Ku musi wa mbere urwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rujejwe agateka ka muntu rwatangaje ko rwaronse amakuru avuga kw’abasirikare ba Kongo bishe abantu barenga ijana na mirongo itanu mu ntara ya Kasai, mu kiringo c’imisi umunani muri uku kwezi.

Mu ntango, reta ya Kongo yariyamirije ayo masanamu ya videwo mu kuvuga ko atari ay’ukuri yamara yarihindukije ku musi wa gatatu.

Itangazo ryashikirijwe n’umuvugizi wa Kongo ryamenyesheje ko Perezida Joseph Kabila yategetse itohoza ku masanamu ya videwo yerekanywe, n’ukugene hamwe n’impamvu ayo masanamu yagiye ahanona.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG