Uko wahagera

Perezida wa Nijeriya Akomeje Kwivuriza mu Bwongereza


Perezida w’igihugu ca Nijeriya, Muhammadu Buhari, yongereje ikiringo ciwe c’ukwivuza incuro igira kabiri i Londres mu Bwongereza. Itangazo ry’umuhanuzi wiwe, ry’uno musi ku wa kabiri, rimenyesha kw’ibipimo yagirishije vyerekanye ko akeneye ikiringo kirekire kurushiriza kugira aruhuke.

Uwo muhanuzi amenyesha kw’Abanyanijeriya badakwiye kugira impungenge ku vyerekeye amagara ya Perezida Buhari. Yamara iryo tangazo ntirivuga igihe azotahukira.

Perezida Buhari yagiye i Londres kw’italiki cumi n’icenda z’ukwezi kwa mbere. Kuva ivo gihe yabonetse ku mafoto gusa.

Vyari bitegekanijwe kw’atahuka mu gihugu ciwe kw’italiki zitanu z’ukwezi kwa kabiri. Yamara ibiro vyiwe vyatangaje kw’abaganga bamuhanuye kuguma mu Bwongereza akarindira ivyavuye mu bipimo.

Abafasha biwe baranse kuvuga indwara afise. Ivyo bikaba vyatumye haba urukurukuru ku bibanza ngurukanabumenyi ku vyerekeye amagara yiwe.

XS
SM
MD
LG