Prezida Adama Barrow wa Gambiya yatangaje kur’uyu wa gatandatu ko abanyororo bapfunzwe atakibagira barekugwa bose, kandi ko hashinzwe umugwi ujejwe gutohoza ababuzwe irengero ryabo ku ntwaro y’uwahora arongoye Gambiya, Yahya Jammeh. Ivyo Prezida Barrow yabitangarije mu birori vyo kwimikwa k’umugaragaro mu mabanga y’Umukuru w’Igihugu.
Prezida Barrow yatangaje kandi ko hazoshingwa umugwi uzokwamaho, ujejwe agateka ka zina muntu ukazofasha mu bikorwa Umushikiranganji ajejwe ubutungane azoba ariko ararangura.
Ivyo birori vyabereye ku kibuga c’umupira w’amaguru citiriwe ukwikukira, mu gisagara ca Bakau, kiri hafi y’Umugwa mukuru wa Gambiya. Vyari vyitabiriwe n’abanyagihugu isinzi, bamwe batangaje ko ari naho baraye kugira bashobore kurorera ivyo birori.
Abategetsi batandukanye bari bitabiye ivyo birori, harimwo Prezida Macky Sall wa Senegal, Prezida Ellen Johnson Sirleaf wa Liberiya ari nawe ayoboye Ishirahamwe Cedeao, abakuru b’Ibihugu vya Mauritanie, Cote d’Ivoire, Burkina Faso na Ghana. Abatari bake kandi bari baserukiye ama Reta yabo, co kimwe n’abaserukira Ibihugu vyabo aho muri Gambiya.