Uko wahagera

Sudani yo mu Bumanuko: Umutegetsi Akomeye Yatanze Imihoho


Sudani yo mu bumanuko kw'ikarata
Sudani yo mu bumanuko kw'ikarata

Umushikiranganji ajejwe akazi muri Reta ya Sudani yo mu bumanuko, Gabriel Duop Lam, yatanze imihoho nmu mabanga yiwe. Yagirije Reta ya perezida Salva Kiir, ko yananiwe gutorera inyishu ibibazo biri mu gihugu.

Mw’ikete vryiwe ry’ugutanga imihoho, Lam, yatangaje ko amaze igihe ashavujwe nuko perezida Salva Kiir, yananiwe kugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu ca Sudani yo mu bumanuko casinzikajwe n’intambara.

Lam, avuga ko avuye muri Reta kugira asubire mu murwi SPL-IO, ushigikiye Riek Machar, yahoze ari icegera ca mbere ca perezida muri Sudani yo mu bumanuko.

Riek Machar, yarwanije Reta ya perezida Salva Kiir, kuva mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka w’i 2013.

Umushikiranganji ajejwe gutaganza amakuru, Michael Makuei, yaremeje ingingo ya Gabriel Duop Lam, y’ukuva muri Reta.

Yari yagenywe mu mabanga y’umushikiranganji ajejwe akazi mu kwezi kwa kane kw’umwaka uhaze, inyuma y’ishirwaho rya Reta mfatakibanza, yisunze amasezerano y’amahoro yo mu mwaka w’i 2015 yari agenewe gutorera inyishu indyane za politike muri Sudani yo mu bumanuko.

XS
SM
MD
LG