Uko wahagera

Uganda: Impunzi z'Abarundi Ntizizotahukanwa ku Nguvu


Reta ya Uganda irahumuriza impunzi z’Abarundi bari mu gihugu ko bazobandanya guhabwa ubuhungiro mu gihugu gushika ivyatumye bahunga bihindutse ku buryo bushimishije kandi bumva ko ata kibazo kihari kuribo ku bijanye n’umutekano n’agateka kabo.

Inyuma y’urugendo rw’umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu Burundi muri Uganda n’ikiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu biro vy’umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Uganda ari kumwe n’umushikiranganji ajejwe gutabara, kwitegurira ibiza n’impunzi, abo bashikiranganji basa n’abavuze ibintu bitandukanye ku kibazo c’impunzi z’Abarundi.

Ibiro vy’umushikiranganji wa mbere na Reta ya Uganda bitangaza ko izo mpunzi zizotahuka hisunzwe ingingo z’amasezerano y’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U yo mu mwaka w’i 1951 ku mpunzi, amasezerano y’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika yo mu mwaka w’i 1969 ku bibazo vy’impunzi muri Afrika.

Zizotahuka kandi hisunzwe amasezerano yo mu mwaka w’i 2006 ku mpunzi, yose avuga kw’ugutahuka kw’impunzi mu bihugu zaje zivamwo vyotegerezwa gufatira ku mutekano n’iteka hamwe n’ugushaka kw’izo mpunzi. Ikiganiro n’abamenyeshamakuru citabwe n’abaserukira itangazamakuru batari bake bo mu gihugu ca Uganda no mu mahanga.

XS
SM
MD
LG