Uko wahagera

Mattis: Amerika Ntizokorana n’Uburusiya Muvya Gisirikare


Jenerali Petr Pavel arongoye umurwi ya gisirikare mw'ishirahamwe OTANI (ibubamfu), arikumwe n'umushikiranganji w'ukwivuna abansi w'Amerika Jim Mattis, (iburyo), mu nama i Buruseli kw'itariki ya 16 ukwezi kwa kabiri 2017
Jenerali Petr Pavel arongoye umurwi ya gisirikare mw'ishirahamwe OTANI (ibubamfu), arikumwe n'umushikiranganji w'ukwivuna abansi w'Amerika Jim Mattis, (iburyo), mu nama i Buruseli kw'itariki ya 16 ukwezi kwa kabiri 2017

Umushikiranganji ajejwe ukwivuna abansi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, James Mattis, yatangaje uno musi ku wa kane kw’ata gukorana mu vya gisirikare kuzohaba hagati y’Amerika n’Uburusiya.

Yamenyesheje ko umuntu aravye uko ibintu vyifashe muri iki gihe, bitotuma ivyo bishoboka.

Yamara Mattis yatangaje kw’abategetsi b’Amerika n’Uburusiya bazogerageza kurondera aho bashobora kwumvikana.

Ivyo yabitangarije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku cicaro c’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, O-T-A-N, i Bruxelles, ku murwa mukuru w’Ububiligi.

James Mattis avuga kw’Uburusiya butegerezwa kwerekana ko bushobora kwubahiriza amategeko mpuzamakungu imbere yuko ugukorana mu vya gisirikare biba.

Ivyatangajwe na James Mattis, vyabaye inyuma yuko umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w’Uburusiya, Sergei Shougu, avuze kw’Uburusiya bwiteguriye gusubira gukorana n’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abanssi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Umushikiranganji ajejwe ukwivuna abansi w’Amerika, James Mattis, yaragabishije abashikiranganji bajejwe ukwivuna abansi b’ishirahamwe O-T-A-N, mu nama barimwo i Bruxelles, Amerika izogabanya ukwiyemeza kwazo ku vyerekeye iryo shirahamwe niyo ibindi bihigu binywanyi vyaryo bitiyemeza ku vyerekeye guterera bihagije mu kigega c’ishirahamwe O-T-A-N.

XS
SM
MD
LG