Uko wahagera

Pakistani: Abiyahuzi Bishe Abashika 6


Abategetsi ba Pakistani batangaza ko ibombe zibiri zaturitse mu buraruko bw’igihugu zihitana abantu bashika batandatu abandi batari bake barakomereka kur’uyu wa gatatu.

Abo bategetsi bavuga ko ico gitero cabereye mugace k’ahitwa Mohmand hafi y’urubibe na Afganistani aho umwiyahuzi yiturikijeko bombe inyuma y’aho abajejwe umutekano bari bamuhagaritse.

Ico gitero cambere cahitanye abasirikare batatu hamwe n’abasivile babiri.

Umwiyahuzi wa kabiri yaciye yicwa mugihe yariko ageregeza guturitsa bombe yari yambariyeko.

Igisirikare gitangaza ko abo biyahuzi baje bava muri Afghanistan kandi bari bateguye gutera ibice birimwo ibiro n’amazu hamwe y’abantu abakozi ba reta mu gace k’ahitwa Ghalanai.

XS
SM
MD
LG