Uko wahagera

Sudani y'Ubumanuko: Umutegetsi mu Gisirikare Yatanze Imihoho


Abasirikare ba Reta ya Sudani y'Ubumanuko

Umwe mu bategetsi bakomeye mu gisirikare ca Sudani y’Ubumanuko yatanze imihoho mu mabanga ajejwe. Jenerali Thomas Cirillo yagiriza Prezida Salva Kiir ko yahinduye igisirikare akakigira umugwi ukorera ubwoko aturukamwo.

M’urwandiko yashikirije, uwo musirikare wo mu rwego rwo hejuru yagirije Prezida Kiir ko atubahiriza amasezerano yateweko igikumu mu mwaka w’Ibihumbi bibiri na cumi na gatanu, hagati ya Reta n’ingabo zari zirongowe na Riek Machar yahoze ar’Umushikiranganji wa mbere wa Sudani y’Ubumanuko. Jenerali Thomas amenyesha kandi ko Prezida Kiir abandanya umugambi w’ihonyabwoko, no gutuza abantu mu matongo yabo.

Ateny Wek Ateny, umuvugizi wa Prezida Kiir arahakana ivyo birego. Ateny avuga ko Jenerali Thomas ar’umwe mu basirikire bamaze imyaka myinshi kandi ko yarafise uburenganzira bwo guhindura ibitagenda neza.

Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU rimenyesha ko abantu barenga imiliyoni zitatu batujijwe mu zabo kuva mu bihumbi bibiri na cumi na gatatu, nayo abarenga umuliyoni bakaba barahungiye mu bindi bihugu.

Jenerali Thomas Cirillo abaye umusirikare wa kabiri wo mu rwego rwo hejuru atanze imihoho. Inyuma ya Liyetena Jenerali Bapinyi Monytuil, yari yatanze imihoho mu kwezi kwa cumi, mu mwaka uheze w’ibihumbi bibiri na cumi na gatandatu

XS
SM
MD
LG