Uko wahagera

Trump Aravugana n’Abaperezida ba Nigeriya na Afrika y’Epfo


Perezida Donald Trump
Perezida Donald Trump

Ibiro vya Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, vyatangaje ko Perezida Donald Trump aza kuvugana kuri telefoni n’abakuru b’ ibihugu vya Nigeriya na Afrika y’Epfo uno musi ku wa mbere.

Perezida wa Nigeriya, Muhammadu Buhari, ntaraseruka ahabona kuva agiye i Londres mu Bwongereza kwivuza kw’italiki 19 z’ukwezi kwa mbere.

Nt bintu vyinshi Perezida Trump, yavuze ku vyerekeye akarere ka Afrika n’ibibazo biraje ishinga akarere ka Afrika, kuva ashikiye amabanga yiwe y’ukuyobora Amerika mu kwezi guheze.

Nta vyatangajwe imbere kuvyo perezida Trump, azoganira n’abakuru b’ibihugu vya Nigeriya na Afrika y’Epfo.

Prezida Trump, azovugana ubwa mbere na prezida Muhammadu Buhari, mu nyuma yaho aganire na perezida Jacob Zuma.

XS
SM
MD
LG