Uko wahagera

Somaliya: Abasirikare Bashika 2 Barishwe na Al Shabab


Amakuru atangwa n’igisirikare ca Somaliya avuga ko abarwanyi b’umuhari w’iterabwoba wa Al-Shabab bateye ikambi zibiri za gisirikare ziri hanze y’umurwa mukuru Mogadishu mu bucagucagu bwo k’umusi w’imana.

Abanyagihugu bo mu duce twa Tih-sile na Warm-ahan batangaje ko abo barwanyi bateye izo kambi ku mwanya umwe.

Amakuru atangwa n’igisirikare ca Somaliya avuga ko ikambi imwe imwe yarimwo abasirikare bava kuri 40 gushika kuri 50.

Abasirikare ba Somaliya bashika kuri babiri nibo bapfuye mu kambi ya Tihsile mugihe muyindi kambi ya Warmahan ata makuru y’aboba barapfuye aratangazwa.

XS
SM
MD
LG