Uko wahagera

Iraki: Imyiyerekano Yahitanye Abantu Batanu


Abanyagihugu muri Iraki, mu myiyerekano yo kwiyamiriza Reta
Abanyagihugu muri Iraki, mu myiyerekano yo kwiyamiriza Reta

I Bagdad, k’umugwa mukuru wa Iraki, umupolisi umwe yapfuye abandi batari bake barakomera, mu myiyerekano yabaye kur’uyu wa gatandatu, yo kwiyamiriza Reta, nk’uko vyatangajwe n’ubutegetsi.

Iyo myiyerekano yahavuye ibamwo gutana mu mitwe, aho abapolisi barashishije amasasu y’ukuri, bongera batera ivyuka vyakira.

Abari mur’iyo myiyerekano basaba ko haba guhindura uburyo amatora ategekanijwe kuba uyu mwaka, azotunganywa. Ikinyamakuru c’abafaransa AFP, catangaje ko abapolisi babiri n’abanyagihugu batanu aribo baguye mur’iyo myiyerekano, AFP ivuga kandi ko abashika ku majana abiri bakomeretse.

Imyiyerekano yatumweko n’umwe mu barongozi bakomeye b’aba chiite muri Iraki, ahamagarira abanyagihugu gusaba itunganywa rishasha ry’amatora.

Abategetsi muri Iraki batangaje ko intureka zadutse mu gihe abari mu myiyerekano bashaka kurengana igisagara gisanzwe kibamwo abaserukira ibihugu vyabo muri Iraki, n’ahasanzwe hari inyubakwa za Reta.

XS
SM
MD
LG