Uko wahagera

ONU Irasabira Imfashanyo Kongo


Ikambi ry'impunzi ry'i Mugunga 3, hafi ya Goma muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo
Ikambi ry'impunzi ry'i Mugunga 3, hafi ya Goma muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo

Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, ryifatikanije n’abategetsi ba Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo, batey’akamo, kur’uyu wa gatanu, ko gusaba imfashanyo y’amafaranga angana n’imiliyoni amajana indwi na mirongo ine n'umunani z’amadolari. Iyo mfashanyo igenewe abanyagihugu bugarijwe n’ingorane, barenga imiliyoni atandatu.

Uyu mwaka imfashanyo yasabwe irenze ibice umunani kw’ijana vy’amafaranga yari yasabwe mu mwaka uheze w’Ibihumbi bibiri na cumi na gatandatu. Jens Laerke, umuvugizi w’ibiro bijejwe imfashanyo, OCHA mu mpfunyapfunyo, avuga ko iyo mfashanyo igenewe abantu basinzikajwe n’intureka, batagira ic’epfo na ruguru.

Laerke amenyesha kandi ko ibice mirongo itadantu kw’ijana vy’imfashanyo bihabwa abanyagihugu bo m’ubuseruko bwa Kongo, yamara ko n’utundi turere tubangamiwe cane. Amafaranga yasabwe ategekanywa gukoreshwa uyu mwaka w’Ibihumbi bibiri na cumi n'indwi.

Abategetsi ba ONU bamenyesha ko ari ngombwa ko haba gutunganya imigambi y’iterambere izoshirwa, mu ngiro mu myaka iri imbere.

Ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi, HCR, ritangaza ko impunzi zishika ku bihumbi mirongo itandatu n'umunani zituruka muri Sudani y’ubumanuko ziri k’ubutaka bwa Kongo.

XS
SM
MD
LG