Uko wahagera

Somaliya: Umukuru w'Igihugu Mushasha


Mohamed Abdullahi Farmajo yatsindiye amatora y'Umukuru w'Igihugu
Mohamed Abdullahi Farmajo yatsindiye amatora y'Umukuru w'Igihugu

Muri Somaliya, Inama Nshingamateka yaraye itoye Umukuru w’Igihugu mushasha. Mohamed Abdullahi Mohamed, azwi kw’izina rya Farmajo, niwe yatahukanye intsinzi inyuma y’amatora yabaye incuro zibiri.

Farmajo afise ubwenegihugu bubiri, ubwa Reta Zunze Ubumwe na Amerika hamwe n’ubwa Somaliya, yarigize kuba Umushikiranganji wa mbere wa Somaliya. Hassan Sheikh Mohamud, yahora aramutswa Somaliya, yari mu bahiganwa mur’ayo matora, ni nawe yahiganywe na Farmajo ku ncuro ya nyuma, yahavuye yemera intsinzi ya Farmajo.

Iyo ntsinzi yahimbajwe n’abatari bake aho muri Somaliya, ahumvikanye amasasu mu mabarabara yo kuyigina. Farmajo yaciye arahira icese inyuma y’ayo matora, akaba yasezeranye kw’agiye kugarukira umutekano, kugwanya igiturire no gufasha abakene.

Farmajo afise imyaka mirongo ibiri n'ine, yarabaye igihe kitari gito muri Reta ya New York hano muri Amerika, aho yaranguriye ibikorwa bitari bike vya Reta. Bimwe muvyo agiye guhangana navyo bikaba ar’intambara ya al-Shabab, no gusanura Igihugu kimaze imyaka yababa mirongo ibiri n'indwi kiri mu ntambara.

Amashirahamwe y’abagiraneza akaba kandi yaragabishije ko hashobora kwaduka inzara aho muri Somaliya, bivuye k’ubwicanyi bumaze igihe kitari gito, hamwe n’uruzuba rubangamiye ico gihugu.

XS
SM
MD
LG