Uko wahagera

Prezida Kiir Aragabisha Abatazokwitabira Ibiganiro


Prezida Salva Kiir wa Sudani y'Ubumanuko
Prezida Salva Kiir wa Sudani y'Ubumanuko

Prezida Salva Kiir wa Sudani y’Ubumanuko yatangaje ko ibiganiro vy’amahoro bizotangura mu kwezi kuza kwa gatatu, nkuko yari yabivuze mu kwezi kwa cumi na kabiri. Mw’ijambo yashikirije kur’uyu wa kabiri, ari mu gisagara ca Yei Town, Prezida Kiir yavuze ko ibiganiro ariwo muti wonyene ushobora guheza intureka ziri mu gihugu, muri kino gihe.

Prezida Kiir yari yafashe urugendo mur’ico gisagara, mu ntumbero yo guhumuriza abanyagihugu, inyuma y’intambara zikomeye zabaye hagati y’abasirikare ba Reta n’imigwi y’abagwanyi. Prezida Kiir yatangaje kandi ko ivyo biganiro atawe bizokumira, ahamagarira imigwi yose y’abagwanyi gushira ibigwanisho hasi kugira bubake Igihugu. Yatangaje ko azokoresha inguvu kur’abo bose batazokwitabira akamo kiwe.

Canan Clement Janda, umwe mu bagize Inama nkenguzamateka muri Sudani y’Ubumanuko amenyesha ko ivyo biganiro bishobora kutagira ico bishitseko bivuye ko bihamagarwa n’umuntu umwe. Janda avuga ko bisa n’uko ar’umuntu umwe yivugana, akavuga ko abatunganya ivyo biganiro bashizweho na Prezida Salva Kiir.

XS
SM
MD
LG