Uko wahagera

ONU: Abimukira 230 Barapfuye mu Ntango za 2017


Abimukira barokowe ku nkengera za Libiya italiki 3 ukwezi kwa kabiri 2017.
Abimukira barokowe ku nkengera za Libiya italiki 3 ukwezi kwa kabiri 2017.

Abimukira barenga 120 baratabawe ku nkengera za Tripoli umurwa mukuru wa Libiya n’abasirikare ba Libiya bacungera mu mazi k’umusi w’Imana italiki 5 z’ukwezi kwa kabiri 2017.

Umutegetsi mu gisirikare ca Libiya atashimwe ko izina ryiwe rimenyekana yamenyesheje ko abo bimukira bari bandurutse bava ahitwa Sabratha, k’umusi wa gatanu bagerageza kwinjira k’umugabane wa Buraya.

Sabratha ni ku birometero 70 mu burengero bwa Tripoli.

Abo bimukira bamuka muri Afurika, kandi barimwo abagore cumi hamwe n’abana batanu.

Abasirikare ba Libiya bacungera inkengera z’ibahari bari batangaje k’umusi wa gatandatu ko bafashe abimukira barenga 400 bariko bagerageza kwinjira m’Ubutaliyano.

Nayo k’umusi wa gatanu, abasirikare b’Ubutaliyano bacungera inkengera z’ibahari bari batangaje ko barokoye abimukira barenga 1.300 bari baturutse muri Libiya.

Kuva uyu mwaka w’2017 utanguye abimukira barenga 7.000 nibo bashitse m’Ubutaliyano. ONU ishikiriza ko abashika 230 bapfuye canke barazimira m’ukwezi kwa mbere.

XS
SM
MD
LG