Uko wahagera

Somaliya: Al-Shabab Irongereza Iterabwoba ku Banyagihugu


 Abarwanyi ba Al-Shabab
Abarwanyi ba Al-Shabab

Abategetsi ba Somaliya bamenyesha ko umuhari w’iterabwoba wa Al-Shabab wishe abantu bane mu misi iheze mu gisagara ca Jamame mu ntara ya Jubba, mu bumanuko bwa Somaliya.

Amakuru dukesha serevise ya Somaliya y’Ijwi ry’Amerika avuga ko Al-Shabab wagandaguye abo bantu bane mu maso y’abanyagihugu bo mur’ako karere.

Umuvugizi w’abasirikare mu ntara ya Jubbland, Ahmed Mohamud Arab atangaza ko abo bantu bane bari abasivile. Bagirizwa na Al-Shabab gusuma urusaku no guhereza amakuru reta ya Somali hamwe n’ubutegetsi bw’intara ya Jubbland.

Abanyagihugu baba mu bisagara bigenzurwa na Al-Shabaab, mu bumanuko bwa Somaliya bamana ubwoba, ko bashobora kwicwa mugihe hoba igitero ca gisirikare kiza kirondera Al- Shabab.

Mu ntango z’ukwezi kwa cumi na rimwe umwaka w’2016, Al-Shabab yarishe abandi basivile batanu mu gisagara ca Tieglow mu ntara ya Bakol, mu burengero bwa Somaliya.

XS
SM
MD
LG