Uko wahagera

Umujuji Yahagaritse Itegeko rya Prezida Trump


Bob Ferguson, umucamanza mukuru wa Reta ya Washington, m'uburaruko bushira uburengero bwa Amerika, mu myiyerekano yo kwiyamiriza itegeko rya Prezida Trump
Bob Ferguson, umucamanza mukuru wa Reta ya Washington, m'uburaruko bushira uburengero bwa Amerika, mu myiyerekano yo kwiyamiriza itegeko rya Prezida Trump

Hano muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, umucamanza wa Reta, muri Reta ya Washington, m’uburaruko bushira uburengero yahagaritse vy’agateganyo itegeko ryasohotse mu ndwi iheze ku bijanye n’abimukira baturuka mu bihugu indwi vy’aba isilamu. Ibiro vy’Umukuru w’Igihugu bikaba vyaciye bisohora urwandiko ruvuga ko Ubushikiranganji bw’ubutungane bugiye gusohora mu maguru masha ihagarikwa ry’iyo tegeko.

James Robart, umucamanza wa Reta, mu gisagara ca Seattle, yatangaje kur’uyu wa gatanu ko ama Reta ya Washington na Minnesota afise ububasha, ahabwa n’amategeko, bwo kwanka itegeko ritanzwe na Prezida Donald Trump. Bob Ferguson, umucamanza mukuru wa Reta ya Washington yatangaje ko itegeko rihagarika irya Prezida Trump ryasohotse, m’ukuvuga ko itegeko rya Prezida Trump ritubahiriza ibwirizwa shingiro kandi ko riciye kubiri n’amategeko.

Departema ya Amerika yatangaje ko yamenyeshejwe iyo ngingo n’Ubushikirnaganji bw’Ubutungane. Ni mu gihe impapuro z’ingenzi, visa m’ururimi rw’igifaransa, zishika ku bihumbi mirongo itandatu zari zahagaritswe vyagateganyo, bivuye kw’itegeko rya Prezida Trump.

Abashikirizamanza m’Ubushikiranganji bw’ubutungane bamenyesha ko ama visa ashika ku bihumbi ijana amaze gufutwa, inyuma y’aho abayahawe baburijwe kwinjira k’ubutaka bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

XS
SM
MD
LG