Uko wahagera

Prezida Trump Arabadanya Kugabisha Irani


Prezida Donald Trump mu gihe c'imyiyamamazo
Prezida Donald Trump mu gihe c'imyiyamamazo

Prezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yatangaje kur’uyu wa kane ko Igihugu ca Irani cagabishijwe bikwiye ku bajanye n’ibitero cakoze vya misile balistike, kandi ko atakitazokorwa kugira Irani ihanwe.

Prezida Trump yatangaje kandi ko nyabuna Irani yategerezwa gushima kubijanye n’amasezerano, kuko ngo ishobora guhenuka bivuye ku mafaranga yotanga atagira uko angana. Inyuma y’ikiganiro yagiranye n’abandi bategetsi ku bijanye na Irani, Prezida Trump yabwiye abamenyeshamakuru ko bishoboka ko n’inguvu za gisirikare zikoreshwa.

Mwomenya ko amasezerano ari ku gihugu ca Irani ku bijanye na nucleaire yatumye gitakaza ubutunzi bwinshi m’urudandaza rwa uranium, no kudakoresha nucleaire mu guhingura ibitari bike.

Kur’uyu wa gatatu, Michael Flynn, umuhanuzi mu bijanye n’umutekano, mu biro vya Prezida wa Amerika, yatangaje ko ibitero vya misile Irani iheruka gukora nk’iterabwoba kuri Amerika n’ibihugu bikorana na Amerika, ari ivyanyuma. Flynn yavuze ko Irani ibandanya ivyo bitero kubera ko amasezerano yavyo adafashe, yagirije Prezida Barack Obama yahora atwara Amerika, n’abo bakoranye, ko batashizemwo inguvu zikwiye mu guhana Irani.

XS
SM
MD
LG