Uko wahagera

Burundi: Abanyororo Barenga 2000 Baramaze Kurekurwa


Abategetsi b’Uburundi batangaza ko barekuye abanyororo barenga ibihumbi bibiri, harimwo abanywanyi b’umugambwe utavuga rumwe na Reta, MSD.

Irekurwa ry’abo banyororo ryatanguye mu ndwi iheze, bikaba bitegekanijwe kw’ico gikorwa kirangira mu misi iri imbere.

Yamara abategetsi b’umugambwe MSD bavuga kw’imababazi abo banyororo bagiriwe n’umukuru w’igihugu bitazofasha gutorera inyishu ibibazo vya politike biri mu gihugu. Amasentare mu Burundi ariko akora ataruhuka kugira arekure abanyororo barenga ibihumbi bibiri n’amajana atanu.

Ivyo n'inyuma yuko Perezida Pierre Nkurunziza atangaje ko agiriye imbabazi abo banyororo. Amasentare arekura muri rusangi abanyororo ijana na mirongo itanu ku musi.

Icegera c’umuvugizi w’ibiro vya perezida, Kererwa Ndenzako, avuga ko imbabazi zagiriwe abaciriwe umuyororo uri musi y’imyaka itanu.

Avuga kw’abarekuwe batarekuwe kubera ari abanywanyi b’umugambwe kanaka ariko ko barekuwe kubera ivyaha bakoze vyari vyujuje ibisabwa kugira bagirirwe imbabazi. Atangaza kw’igishaka gushikwako ari ugukomeza amahoro n’ubumwe. Mu barekuwe harimwo abanywanyi 58 b’umugambwe MSD.

Umunyamabanga amukuru w’umugambwe MSD, Abdoul Nzeyimana, avuga kw’ata vyaha abo banyororo b’umugambwe MSD bakoze. Atangaza kw’ari vyiza ko basubira kuronka ubwigenge bwabo inyuma yuko uburenganzira bwabo buhonyanzwe mu kiringo kirenga imyaka ibiri.

Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu avuga kw’Abarundi ibihumbi n’ibihumbi bapfunzwe n’inzego zijejwe umutekano.

Abajejwe itohoza b’ishirahamwe O-N-U, batangaza kw’abantu amajana n’amajana bafashwe bunyamaswa kuva ibibazo vya politike bitanguye mu Burundi, mu kwezi kwa kane mu mwaka w’i 2015, igihe Perezida Nkurunziza yafata ingingo y’ukwitoza mu kiringo kigira gatatu mu mabanga y’ukuyobora igihugu.

XS
SM
MD
LG