Uko wahagera

Isiraheli Igiye Gukoresha Ingufu Kwimura Abaturage


Abasirikare ba Isirayeli n’abapolisi bazindukiye mu ntara ya Cisjordaniya kwimura kunguvu imiryango 50 y’Abayahudi bari bakibayo mu buryo Isirayeli ivuga ko butemewe n’amategeko.

Igisirikare ca Isirayeli categetse iyo miryango kuva mu gace ka Amona, agace sentare nkuru y’igihugu yemeje mu mwaka w’2014 ko kubatswe k’ubutaka bw’Abanyepalestina kandi ko zikwiye kubomorwa.

Abantu batari bake bagerageje kwanka kwimuka bahitamwo guturira umuriro, batera amabuye abapolisi no kuzibira amabarabara.

Iyo ngingo yo kubakura aho ije mugihe reta ya Isirayeli iheruka kwemeza iyubakwa ry’ayandi mazu 3000 mashasha mubindi bice vy’iyo ntara ya Cisjordaniya.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Isirayeli, Avigdor Lieberman yatangaje kur’uyu wa kabiri ko we n’umushikiranganji wa mbere, Benjamin Netanyahu bemeje iyubakwa ry’izo nzu.

Ikibazo co kwimura Abayahudi camye gicanishamwo abanyesirayeli n’abanyepalestina, cane cane mubihe baba bari mubiganiro vy’amahoro.

Abanyepalestina bamye bemeza ko intara ya Cisjordaniya n’ubuseruko bwa Yerusalemu ar’intrara zabo.

XS
SM
MD
LG