Uko wahagera

Burundi: Imiryango 500 Izimurirwa ku Mpanda


Alain Guillaume Bunyoni, umushiranganji ajejwe umutekano
Alain Guillaume Bunyoni, umushiranganji ajejwe umutekano

Leta y’Uburundi imenyesha kw’igiye kwimura imiryango irenga amajana atanu iba mu kigwati ca Kagaragara kiri hafi y’ishamba cimeza rya Rukoko, muri zone ya Buringa, komine Gihanga y’intara ya Bubanza.

Ivyo vyashikirijwe kur’uno wa gatatu n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu nama y’umutekano yabereye mu nyubakwa za lycée Buringa.

Pascal Barandagiye yashikirije ko leta y’Uburundi iriko irarondera ikindi kibanza izobimuriramwo, mu ntumbero yo gukingira iryo shamba cimeza rya Rukoko.

Ikindi kibazo cashikirijwe cari cerekeye umutekano. Abashikiranganji ba Leta bajejwe umutekano n’ukwivuna abansi basavye abanyabubanza kubungabunga amahoro n’umutekano, na cane cane kw’ibarabarabara rya Bujumbura-Cibitoke ryama ryabereyemwo ibitero vy’abitwaje ibigwanisho ku barengana, n’ababa mu micungararo.

Abo bashikiranganji batatu ba Leta y’Uburundi basavye abanya Bubanza kwihangana, bakavuga ko Leta itareze amaboko mu ntumbero yo kugwanya inzara haba ngaho i Bubanza no mu zindi ntara.

XS
SM
MD
LG