Uko wahagera

Unicef: Abana Barabangamiwe n'Inzara


Impunzi muri Sudani y'Ubumanuko
Impunzi muri Sudani y'Ubumanuko

Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho abana, UNICEF ryatangaje ko abana baharugwa muma miliyoni baba mu bihugu birimwo intureka, bageramiwe n’ugufungura nabi, kandi ko ata mfashanyo ihagije baronswa, kugira bashobore kurokoka.

Unicef imenyesha ko abantu bashika ku miliyoni mirongo umunani n'imwe bugarijwe n’intambara, n’ibindi bibazo, kandi ko abarenga igice cabo ar’abana. Unicef ikavuga ko igice kinini c’amafaranga y’imfashanyo cagenewe abana bashika ku miliyoni cumi n'indwi, basanzwe baba muri Siriya, no mu bihugu bibanyi vya Siriya, arivyo Turukiya, Jordanie, Libani, Iraki na Misiri.

Ishirahamwe Unicef rimenyesha kandi ko rizoseruka ku bana bari m’uburaruko bwa Nijeriya, bugarijwe n’inzara. Unicef yatangaje ko ica kane c’abana bari mw’isi baba mu bihugu birimwo intambara n’izindi ntureka. Meritxell Relano, aserukira Unicef muri Yemen amenyesha ko abana bashika ku miliyoni cumi aribo bakeneye imfashanyo.

Relano yatangaje ko igitigiri c’abana bapfa bari munsi y’imyaka itanu ciyongeye cane mu mwaka uheze w’Ibihumbi bibiri na cumi na gatandatu. Unicef isaba imfashanyo yo gutabara abana baharugwa muma miliyoni. Iyo mfashanyo ikazoba igizwe n’imfungurwa, amazi meza, ubuvuzi n’ibindi.

XS
SM
MD
LG