Uko wahagera

Reta ya Trump Ntizokwihanganira Ibirwanisho vya Irani


Prezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika
Prezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika

Uwuserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika muri ONU, Nikki Haley, yatangaje ko Reta irongowe na Prezida Donald Trump wa Amerika, itazokwihanganira ibitero vya misile balistike biheruka guterwa n’Igihugu ca Irani. Ivyo Haley, yabitangarije abamenyeshamakuru, inyuma y’inama yiwe ya mbere muri ONU, kur’uyu wa kabiri.

Haley yatangaje ko batumyeko inama mu ntumbero yo gushira ahabona ivyo bazi ku bijanye n’ivyo bitero vyabaye kur’uyu w’Imana, itariki ya mirongo ibiri n'icenda, z’uku kwezi kwa mbere. Mohammed Javad Zarif, Umushikiranganji wa mbere wa Irani akaba ataco yemeje kandi ntanico yahakanye kur’ivyo birego. Zarif, amenyesha ko izo misile zitari k’urutonde rw’ibihano vyafatiwe Irani, kandi ko ata misile ikorewe muri Irani izokwigera iterwa ivuye mur’ico gihugu.

Ibihugu vya rutura bishika kuri bitandatu, vyarafatiye ibihano Irani mu mwaka w'ibihumbi bibiri na cumi na gatanu, ingingo ibuza Irani gukora misile balistike. Prezida Trump amenyesha ko amasezerano ajanye n’ibigwanisho ruhonyanganda bihingurirwa muri Irani ataco amaze.

Inyuma y’aho yemerejwe n’Inama Nshingamateka ya Amerika, Nikki Haley, aserukira Amerika muri ONU yatangaje ko ayo masezerano yateye ibibazo bisumba ivyahahora, yamara avuga ko azogerageza uburyo bwose Igihugu ca Irani cubahiriza ayo masezerano.

XS
SM
MD
LG