Uko wahagera

Paris: Kandida w'Abasosisiyalisite Benoit Mahon


Umukandida w'Abasosiyaliste, Benoit Mahon
Umukandida w'Abasosiyaliste, Benoit Mahon

Abasosiyaliste mu gihugu c’Ubufaransa batoye Benoit Hamon, yahoze ari umushikiranganji kuba umukandida wabo mu matora y’umukuru w’igihugu.

Ivyavuye mu ncuro ya kabiri y’amatora ya mbere y’Abasosiyaliste ku musi w’Imana vyerekanye ko Hamon afise hafi y’ibice 59 kw’ijana vy’amajwi. Yatsinze uwo bahiganywe, Manuel Valls, yahoze ari umushikiranganji wa mbere.Valls yaremeye ko yatsinzwe.

Hamon avuga igihugu gikeneye abasosiyaliste bafise ivyiyumviro bishasha vyo mu bihe tugezemwo no muri kazoza.

Abitegereza ibintu bavuga kw’umugambwe w’Abasosiyaliste watakaje icizere mu banyagihugu ku ntwaroi ya Perezida Francois Hollande. Babona ko uwo mugambwe ufise amahirwe make y’ukurengana incuro ya mbere y’matora azoba kw’italiki 23 z’ukwezi kwa kane.

Ivya mbere vyatohojwe vyerekana ko benoit Hamon, ari inyuma y’abandi bakandida bahiganirwa kuba perezida.

Kubera ata gishika abanyagihugu bafitiye umugambwe wiwe, ivyo bishobora guha inguvu umukandida yigenga, Emmanuel Macron, igihe azohangtana n’abakandida bari imbere yiwe.

Ivyatohojwe vyerekana kw’abo bakandida, Francois Fillon, aserukira umugambwe w’Abarepublika na Marine Len Pen, aserukira umugambwe Front National, aribo bazohangana mu ncuro ya kabiri y’amatora azoba kw’italiki indwi z’ukwezi kwa gatanu.

XS
SM
MD
LG