Uko wahagera

Guhuza Kwivuza n'Ubwiteganyirize muri EAC


Abaperezida b'ibihugu by'Afurika y'uburasirazuba
Abaperezida b'ibihugu by'Afurika y'uburasirazuba

Ishirahamwe rihuza inzego zo kuvuzanya no gutegekaniriza kazoza abakozi muri Afurika y’ubuseruko na Afurika yo hagati niryo ryatumwe n’abakuru b’ibihugu n’amareta kugira rigire umugambi utomoye wo gufatirako.

Abakuru b’ibihugu baramaze kwerekana ko ubwo buryo ari nkenerwa kugira akarere cane cane ka Afrika y’ubuseruko gatere imbere, banasavye ko ico gikorwa coja mu ngiro vuba. Ubu abahinga bo murico gisata bari munana yo gukuraho inzitizi zose zokwibonekeza.

Bitegekanijwe ko hazotangwa raporo yaho ibintu bigeze mu nama y’abahinga, abashikiranganji mu bisata bitandukanye izokurikirwa n’iyabakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko izoba mu mpera z’ukwezi kwa kabiri.

Umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre claver Niyonkuru ukorera Arusha muri Tanzaniya ni we utugezaho iyi nkuru.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:53 0:00

XS
SM
MD
LG