Uko wahagera

Chekoslovakiya Gisaba Sudani Kurekura Umunyagihugu Waco


Abamenyeshamakuru i Khartoum muri Sudan basaba umwidegemvyo mu kazi.
Abamenyeshamakuru i Khartoum muri Sudan basaba umwidegemvyo mu kazi.

Umushikiranganji wa Czechoslovakiya w’imigenderanire n’amakungu atangaza ko guha umwidegemvyo umumisiyoneri w’umukristu wabo Petr Jasek afungiwe muri Sudani ar’igikorwa reta yiwe igiye kwihutira gusaba.

Atangaje ivyo inyuma y’aho sentare ya Khartoum, umurwa mukuru wa Sudani iciriye kur’uyu w’Imana umunyororo w’imyaka 20 Jasek, ahowe ko ngo yinjiye muri Sudani atagira Visa, nk’uko bishikirizwa n’umushingwamanza amuburanira.

Yagirizwa kandi gusuma urusaku muri Sudani, gufata amasanamu ku nyubakwa za gisirikare no kuba yigishije urwanko hagati y’abanyasudani no gutangaza amakuru y’ibinyoma.

Yafashwe m’ukwezi kwa cumi na kabiri, mu mwaka wa 2015.

Abategetsi ba Czechoslovakiya batangaza ko ivyo yagirizwa ataho bifatiye kandi ko bagiye kurungika intumwa muri Sudani gusaba ko abohorwa.

Amakuru ashikirizwa n’ishirahamwe Rukristu riharanira umwidegemvyo, “Release International” avuga ko uwo mu misiyoneri Jasek yari yagiye muri Sudani guha amadolari $5,000 umunyeshure yaturiwe mubihe vy’imyigaragamvyo yahitiye muri Sudani.

XS
SM
MD
LG