Uko wahagera

USA: Ese Perezida Trump Azavugana Iki na Putin?


Perezida wa Amerika, Donald Trump
Perezida wa Amerika, Donald Trump

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, na mugenzi we w’Uburusiya, Vladimir Putin, bazavugana kuri telefone ejo ku musi wa gatandatu.

Buzoba bubaye ubwa mbere abo bategetsi babiri bavugana kuva Trump arahiye mu mabanga ya perezida. Yamara, baravuganye igihe Trump yatsinda amatora y’umukuru w’igihugu mu kwezi kw’icumi na rimwe, mu mwaka uheze.

Trump na Putin batangaje ko bifuza kw’ibihugu vyabo vyogiranira imigenderanire myiza, igihe bavugana inyuma y’amatora.

Perezida Donald Trump, avuga ko ashaka kugirana imigenderanire myiza n’Uburusiya na Perezida Putin, kuruta uko ibintu vyari bimeze ku ntwaro ya Barack Obama. Bwana Trump yatangaje ko ashobora gukuraho ibihano reta ya Obama, yafatiye Uburusiya.

Abanebagura Trump, barafise impungenge ku migenderanire yiwe na perezida w'Uburusiya

XS
SM
MD
LG