Uko wahagera

USA: Urukuta na Mexique Ruzubakwa mu Mpera z'Umwaka


Ku musi wa gatatu Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yarasohoye itegeko risaba kwubaka urukuta ku rubibe rugabura igihugu ca Mexique na Amerika, kugira ngo Abanyamexique b’abimukira, ntibabandanye kurenga amategeko, binjira muri Amerika.

Yamara Perezida wa Mexique, Enrique Pena Nieto, yasubiye kumenyesha kw’igihugu ciwe kitazoriha ikiguzi c’urwo rukuta. Trump yateye igikumu kur’iryo tegeko, igihe yagendera ubushikiranganji bujejwe umutekano w’igihugu.

Perezida Trump yaratangaje ariko atanga ikiganiro kuri televiziyo yo muri Amerika yitwa ABC, kw’umugambi wo kwubaka urwo rukuta, uzotangura mu mezi icenda. Trump avuga ko Mexique, arico kizoriha amafaranga azokoreshwa mu kwubaka urwo rukuta.

Umukuru w’inama nshingamateka Paul Ryan aserukira intara ya Wisconsin, yarakeje iyo ngingo ya Perezida Trump, akaba yavuze kw’iyo ngingo ifise umugambi wo gukingira umutekano wa Amerika.

XS
SM
MD
LG