Uko wahagera

Ishirwa mu Ngiro ry’Agahenwe muri Siriya


Binali Yildirim, Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Turikiya
Binali Yildirim, Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Turikiya

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Turikiya, Binali Yildirim, yatangaje kw’ibiganiro vy’amahoro vyo muri iyi ndwi biriko bibera mu gihugu ca Kazakistani ku gihugu ca Siriya vyagenze neza.

Turikiya, Uburusiya na Irani, vyarahagarikiye ivyo biganiro vyamaze imisi ibiri mu gisagara ca Astana, aho Reta ya Siriya n’abaserukira abarwanya ubutegetsi bumvikanye ko bazokwirikirana ishirwa mu ngiro ry’agahenwe muri Siriya, bakongera bagashigikira utwigoro tw’ugutora inyishu biciye mu biganiro ku bibazo biri muri Siriya.

Umushikiranganji wa mbere wa Turikiya, Binali Yildirim, avuga kw’inyishu yotegerezwa kuba irimwo Reta nshasha ya Siriya iserukira impande zose.

Kimwe mu bibazo vyibonekeje mu biganiro vy’amahoro vy’imbere yaho cabaye uruhara rwa perezida wa Siriya, Bashar al-Assad yogira muri Reta nshasha. Abarwanya ubutegetsi bashaka kw’ava ku butegetsi, yamara abamushigikiye harimwo Uburusiya bashaka ko aguma ku butegetsi.

Itangazo inyuma y’ibiganiro mu gisagara ca Astana, rimenyesha kw’impade zose zosubira guhura mu kwezi kuza i Geneve mu Buswise.

XS
SM
MD
LG