Uko wahagera

Ubwumvikane ku Gahengwe muri Siriya


Uburusiya, Turikiya na Irani vyumvikanye uno musi ku wa kabiri ko bizoshiraho uburyo bw’ugukwirikirana ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’uguhagarika ingwano muri Siriya. Ivyo vyabaye imisi ibiri inyuma y’ibiganiro vy’amahoro hagati y’ubutegetsi ba Reta ya Siriya n’ababurwanya.

Ivyo bihigu bitatu vyarasubiye gutangaza kw’ata nyishu ikoresheje uburyo bwa gisirikare ishobora gutorwa ku bibazo biri muri Siriya. Izo mpande zivuga kw’ibiganiro hisunzwe ingingo y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ataribwo buryo bwonyene bw’ugushika ku mahoro.

Ivyo bihugu vyogenye kandi kumenyesha ko birwanya Reta ya Kiyislamu n’umurwi Nusra Front.

Iyindi ncuro y’ibiganiro vy’amahoro itegekanijwe kuba kw’italiki umunani z’ukwezi kwa kabiri i Geneve mu Buswise, bihagarikiwe n’intumwa y’ishirahamwe ONU muri Siriya, Staffan de Mistura.

XS
SM
MD
LG