Uko wahagera

Gambiya: Jammeh Yemeye Ubuhungiro muri Gineya


Perezida Yahya Jammeh wa Gambiya ucyuye igihe
Perezida Yahya Jammeh wa Gambiya ucyuye igihe

Prezida Yahya Jammeh, yatsinzwe amatora muri Gambiya yemeye gutanga ubutegetsi no kuva mu gihugu, nkuko vyatangajwe na Prezida Adama Barrow yatsindiye amatora. Ingingo ya Jammeh yasohotse inyuma y’aho abonaniye na Prezida Alpha Conde wa Gineya na Prezida Mohamed Ould Abdel Aziz wa Moritaniya, k’umugwa mukuru wa Gambiya, I Banjul, kur’uyu wa gatanu.

Uwo mubonano war’ugamije kumwemeza gutanga ubutegetsi no kuva mu gihugu, canke guhangana n’inteko z’igisirikare. Prezida Barrow yarahiye k’umunsi wa kane, mu biro vy’uwuserukira Gambiya muri Senegal, inyuma y’aho binaniranye ko arangurira uwo mugigwa mu gihugu ciwe.

Kur’uyu wa gatanu Ousmane Badjie, arongoye igisirikare ca Gambiya yatangaje ko bemera ko Perezida Barrow ariwe aramutswa igihugu. Ni mugihe abategetsi bo mu bihugu bihurikiye muri CEDEAO bari bagabishije Jammeh ko ategerezwa kuba yatanze ubutegetsi imbere ya sasita, kur’uyu wa gatanu, mu masaha yo muri Gambiya.

Kur’uyu wa gatanu, ONU yatangaje ko abanyegambiya baharugwa ku bihumbi mirongo ine na bitanu bari bamaze guhungira mu gihugu ca Senegal, bivuye kugutinya ko haduka intureka.

XS
SM
MD
LG