Uko wahagera

Amerika Yishe Abarwanyi ba Al-Qaida Barenga 100 muri Siriya


Siriya kw'ikarata
Siriya kw'ikarata

Igitero c’indege z’ingwano za Reta Zunze Ubumwe za Amerika cishe abarwanyi b’umurwi al-Qaida barenga ijana mw’ikambi y’ukwimeyerezamwo ivy’igisirikare mu gihugu ca Siriya. Ivyo vyatangajwe n’umutegetsi ajejwe kwivuna abansi wa Amerika uno musi ku wa gatanu.

N’igitero ca nyuma gikomeye ca Perezida Barack Obama ku murwi al-Qaida.

Indege y’ingwano ya Amerika, Boeing B-52, yagize igitero kuri iyo kambi ku muhingamo w’ejo ku musi wa kane amasaha yaho cabereye. Aho hantu ni mu burengero bw’igisagara ca Aleppo mu ntara ya Idlib. Iyo kambi yari imaze imyaka igera kuri ibiri izwi neza ko ari ikambi y’ukwimeneyerezamwo mu vya gisirikare.

Abarwanyi bose bishwe bari mu nyubakwa imwe igihe igitero caba. Nta bapfasoni canke abana bari muri iyo kambi.

Ico gitero cabaye amasaha makeyi inyuma yuko indege z’ingwano zibiri za Amerika, B-2 zishe abarwanyi ba Reta ya Kiyislamu barenga mirongo umunani mu makambi abiri y’abarwanyi mu gisagara ca Sirte, kiri mu bumanuko bushira uburengero bw’igihugu ca Libiya.

XS
SM
MD
LG