Uko wahagera

Joaquin, "El Chapo" Guzman Yitavye muri Sentare i New York


Joaquin, "El Chapo" Guzman

Umunya Mexique, Joaquin “El Chapo” Guzman yitavye uno musi ku wa gatanu muri sentare mu gisagara ca New York. Yagirizwa kuba yagurishije ibiyayura umutwe mu kiringo c’imyaka itari mike mu karere ko muri Amerika yo mu buraruko.

Yashitse i New York avuye muri Mexique ku muhigamo wo ku musi wa kane.

Ivyaha yagirizwa bishobora gutuma apfungwa ubuzima bwiwe bwose.

Abashikirizamanza bavuga ko umurwi ucuruza ibiyarura umutwe yari arongoye witwa Sinaloa wakuye imiliayaridi n’imiliyaridi y’amadolari mu kugurisha cocaine, heroine,marijuana na Methamphetamine mu bice bitandukanye vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Guzman yari amaze umwaka arwanya ingingo y’ukumurungika muri Amerika. Yaratorotse incuro zibiri amabohero yari acunzwe bikomeye mu gihugu ca Mexique.

XS
SM
MD
LG